Uko wahagera

Impunzi 2 z'Abarundi Zarishwe muri Uganda


Impunzi
Impunzi

Impunzi 2 z’Abarundi muri Uganda ziramaze kwicwa kuva mu kwezi kwa mbere umwaka wa 2018. Ibi vyashikirijwe na Frederic Ndayisenga atwara ishirahamwe ry’Abarundi bahungiye muri Uganda.

Ndayisenga avuga ko uwa mbere yanyurujwe mu mpera z’ukwezi kwa mbere, mu gihe uwugira kabiri yakubiswe n’abantu bataramenyekana imbere yo gucikanira mu bitaro ku musi wa gatanu w’indwi iheze. Bose uko ari 2 bari bakiri bato.

Mu kurindira kumenya neza uko vyagenze, uwo aserukira impunzi z’Abarundi mu Buganda yemeza ko ubu ubwoba ari bwinshi kuri we n’abo arongoye.

Ndayisenga asaba reta y’ico gihugu n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR kubacungerera umutekano kurusha no gukora amatohoza hakamenyekana icinyegeje inyuma y’ubwo bwicanyi.

Igihugu ca Uganda ni kimwe mu vyakiriye impunzi nyinshi z’Abarundi mu karere kuva mu mwaka w’i 2015. Ubu kirimwo impunzi z’Abarundi zigera ku bihumbi 47.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG