Uko wahagera

USA: Mexike na Canada Bishobora Gutezurirwa ku Matagisi


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika kuri White House, itariki 1/03/2018.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Donald Trump yatangaje ko ibihugu vya Mexique na Canada bishobora kuvanwa ku rutonde rw’ibihugu bizotegerezwa kuriha amatagisi kuri “acier’ na “aluminium” Amerika igurira muri ivyo bihugu. Ivyo mu gihe Amerika yoshika ku masezerano ashimishije mu vy’ubudandaji n’ivyo bihugu.

Amerika, Canada na Mexique biriko biraganira mur'iki gihe ku vyerekeye gusubiramwo amasezerano y’uguhanahana ibidandazwa ata ntambamyi. Ivyo biganiro biriko bibera ku murwa mukuru wa Mexique, Mexico City.

Prezida Trump yatangaje kur'uyu wa mbere ko ayo masezerano amaze imyaka 24 yabaye amasezerano mabi kuri Amerika. Atangaza ko amashirahamwe n’ubuzi vyimukiye muri Canada na Mexique bivuye muri Amerika.

Umugambi Perezida Trump afise wo gutangisha amatagisi kuri, Acier na Aluminium bivuye mu mahanga bizogeramira n’ibindi bihugu bicuditse na Amerika, nk’Ubwongereza, Ubudagi, Koreya y’epfo, Turukiya n’Ubuyapani.

Ido n’ido ku vyerekeye uwo mugambi bizoherahezwa mu mpera z’iyi ndwi canke mu ntango z’indwi itaha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG