Uko wahagera

Sekreteri wa Reta w'Amerika Azagenderera Afurika


Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Rex Tillerson, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru.

Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Rex Tillerson muri iyi ndwi ategekanya kugendera umugabane w’Afrika. Kazoba ari akaryo Amerika ironse ko kwerekana uruhara rwayo mu gushigikira uwo mugabane no kugaragaza ubucuti n’imigenderanire, nk'uko bishikirizwa n’abategetsi b’Amerika.

Umutegetsi muri ubwo bushikiranganji bw’imigenderanire yatangaje ku musi wa gatanu ko urwo rugendo rutazoba rutumbereye gutsimbataza imigenderanire mu vy’ubutunzi hamwe n’iterambere mu rudandazwa gusa, ariko ruzoba rugamije kwubaka inzego zikomeye, intwaro ibereye, umutekano hamwe n’agateka ka zina muntu.

Mur’urwo rugendo azorugira kuva kw’igenekerezo rya 6 gushika 13 z’uku kwezi kwa gatatu, Tillerson azobonana n’abakuru b’ibihugu vya Cadi, Djibouti, Etiyopiya, Kenya na Nijeriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG