Uko wahagera

Zimbabwe: MDC Wemeje Nelson Chamisa Kandida mu Matora


Nelson Chamisa, umukuru w'umugambwe MDC w'imfatakibanza ashikiriza ijambo abanyamugambwe i Harare, Zimbabwe, itariki 19/02/2018.
Nelson Chamisa, umukuru w'umugambwe MDC w'imfatakibanza ashikiriza ijambo abanyamugambwe i Harare, Zimbabwe, itariki 19/02/2018.

Umukuru w’umugambwe MDC ukomeye mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi muri Zimbabwe, Nelson Chamisa, yaremejwe kur’uyu wa kane nk’umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mur’uyu mwaka wa 2018; azoba abaye amatora ya mbere inyuma y’imyaka 37 Robert Mugabe yar’amaze ku butegetsi.

Chamisa, yari yagenwe kuba umukuru w’umugambwe MDC w’imfatakibanza inyuma y’urupfu rwa Morgan Tsvangirai yari awurongoye.

Agiye kuzohangana n’umukuru mushasha w’igihugu Emmerson Mnangagwa, nawe nyene yemejwe n’umugambwe Zanu-PF uri ku butegetsi nk'umukandida mur'ayo matora.

Abantu barenga imiliyoni 5 n’ibice 3 nibo bamaze kwiyandikisha gutora, nkuko vyashikirijwe n’umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Zimbabwe, Joyce Kazembe mu kiganira n’abamenyeshamakuru.

Kazembe ariko ntiyatangaje itariki y’amatora. Mu kwezi guheze, Perezida Mnangawa yamenyesheje ko amatora azoba imbere y’ukwezi kw’indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG