Uko wahagera

Centrafrika: Abakozi 6 Bakorera Amashirahamwe Barishwe


Abakorera bushake ba UNICEF Mia Farrow mu nkuka y'imisi muri Cathedral ya Bossangoa, Centrafrika, itariki 10/11/2013.

Abakozi 6 bakora mu mashirahamwe afasha abanyagihugu, barimwo uwukorera Unicef barishwe ku musi w’Imana mu buraruko bushira uburengero bwa Centrafrika, nkuko bishikirizwa n’igisata ca ONU muri Centrafrika, Minusca.

Minusca yaneguye urupfu rw’umukozi wa Unicef hamwe n’abandi batanu bakorera amashirahamwe afasha abanyagihugu hafi y’igisagara ca Markounda, mu buraruko bushira uburengero bw’ico gihugu, kandi irahojeje imiryango yabuze hamwe n’abagenzi babo.

Gushika ku mugoroba wo ku musi wa gatatu abakoze ubwo bwicanyi ntibari bwamenyekane.

Markounda ni igisagara kiri mu buraruko bushira uburengero bwa Centrafrika, ahabera intambara kuva mu mpera z’umwaka wa 2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG