Uko wahagera

RDC: Monusco Iracarondeza Umusirikare Wayo


Abasirikare ba Monusco Bamuka muri Tanzaniya mu micungararo ya Goma.
Abasirikare ba Monusco Bamuka muri Tanzaniya mu micungararo ya Goma.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, Monusco catangaje kur’uyu wa gatatu ko kikirondera umusirikare wabo yamuka muri Tanzaniya amaze amezi arenga abiri atazwi irengero inyuma y’igitero cabereye ku kambi ya Monusco iri mu gisagara ca Semuliki, mu buseruko bw’ico gihugu.

Ivyo vyashikirijwe na Komanda Adil Esserhir, avugira igisirikare ca Monusco mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatatu.

Monusco yasavye uwo wese yoba afise amakuru yotuma uwo musirikare asubira kuboneka canke yoba azi aho ari kubimenyesha.

Kw’igenekerezo rya 7 y’ukwezi kwa cumi na kabiri, igitero ku kambi ya ONU i Semuliki, mu ntara ya Kivu y’uburaruko, cahitanye abasirikare 15 abandi barenga 40 barakomereka. Ni igitero ca mbere cahitanye abasirikare ba ONU benshi mu myaka 24.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG