Uko wahagera

USA: Abashingamateka Bariga ku Bibazo vyo Gutunga Inkoho


Umukuru w'inama nshingamateka y'Amerika Paul Ryan, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, i Washington, itariki 15/02/2018.
Umukuru w'inama nshingamateka y'Amerika Paul Ryan, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, i Washington, itariki 15/02/2018.

Abanyeshure bacitse kw’icumu mu bwicanyi buheruka kubera kw'ishure ryisumbuye muri reta ya Florida, muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa gatatu niho bitegekanijwe ko basubira mu masomero.

Ni mu gihe abajejwe gushinga amategeko ku nzego z’ama reta no ku rwego rw’igihugu bariko baca irya n'ino amategeko kugira barabe ingene bozibira ubwicanyi bukorerwa urwaruka mu mashure yo mu gihugu.

Umukuru w’inama nshingamateka y’Amerika, Paul Ryan yabwiye abamenyeshakmakuru kur’uyu wa kabiri ko hari agahaze mu gusuzuma neza abemerewe kugura inkoho kandi n’ikibazo c’abagendana indwara zo mu mutwe gikwiye kwihwezwa neza.

Paul Ryan n’abandi bashingamateka ko mu mugambwe wiwe w’Abarepublikani ntaco bavuze kijanye no kwaka uburenganzira Abanyamerika bwo kugura inkoho zikomakomeye zifise ububasha bwo kwica abantu benshi mu mwanya muto, nk’iyakoreshejwe mu kwica abanyeshure 14 mu ntango z’uku kwezi kwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG