Uko wahagera

Turukiya Irashimangira Ubucuti na Afurika


Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan, ibubamfu, aramukanya na Idriss Deby wa Cadi, ashitse i N'Djamena muri Cadi, itariki 26/12/2017.
Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan, ibubamfu, aramukanya na Idriss Deby wa Cadi, ashitse i N'Djamena muri Cadi, itariki 26/12/2017.

Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan kuva kuri uyu wa mbere yaratanguye urugendo muri Algeriya, aho yongeye kugendera umugabane w'Afrika. Azogendera kandi ibindi bihugu bitatu vyo kur’uyo mugabane, ari vyo Moritaniya, Senegali ma Mali.

Perezida wa Turukiya yaherekejwe n’abashikiranganji batari bake ba reta yiwe hamwe n’abagwizatunga. Yavuze ko azoganira n’abategetsi ba Alijeriya ku migenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri, cane cane mu gisata c’amasoko ntanganguvu hamwe no ku bibazo biri mur'ako karere.

Bubaye ubugira gatatu Erodgan agendera Alijeriya, azova muri ico gihugu yerekeza muri Moritaniya na Mali.

Kuva ashika ku butegetsi, mu mwaka w’2003, Erdogan yarakomeje imigenderanire hagati ya Turukiya n’umugabane w’Afrika aho yongereje ambasade z’igihugu ciwe kur'uwo mugabane, ndetse n’imihora ya Kompanyi y’indege Turkish Airlines irongerezwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG