Uko wahagera

Burundi: CENI Izakoresha Ubuhinga Ngarukana-bumenyi mu Matora


Pierre Claver Ndayicariye ni we arongoye umugwi w'igihugu w'amatora mu Burundi
Pierre Claver Ndayicariye ni we arongoye umugwi w'igihugu w'amatora mu Burundi

Kw’igenekerezo rya 22 kuno kwezi kwa kabiri ni ho iyandikwa ry’abiyandikishije kugira bazitabe amatora ryatangura mu murwi CENI. Ico gikorwa kiriko gikoreshwa hakoreshejwe amamashini nyabwonko.

Ni inyuma y’aho iyandikwa ku rwego rw’igihugu rirangiriye kw’igenekerezo rya 17 kuno kwezi kwa kabiri umwaka wa 2018.

Petero Karaveri Ndayicariye arongoye umurwi CENI avuga ingene ico gikorwa cifashe n’imirwi y’abariko barakirangura. Gishasha uno mwaka n’uko ico gikorwa kiriko kirangurwa n’abahinga mu vyo ingurukana bumenyi b’Abarundi. Ni mu gihe mu matora yo mu myaka iheze iryo yandikwa hakoreshejwe ubuhinga bwa kijambere ryahora rihabwa amashirahamwe avuye hanze y’igihugu.

Naho biri uko Petero Karaveri Ndayicariye avuga ko ibitabu vy’abiyandikishije mu biro vy’ubuserukizi bw’Uburundi mu makungu bimwe bitarashikanwa i Bujumbura..

Tubibutse ko Abarundi bangana n’imiliyoni zitanu n’amajana indwi na mirongo ine na babiri aribo biyandikishije ku rwego rw’igihugu. Abo nabo ni bo bazitaba amatora yaba ayo ibwirizwa shingiro mu kwezi kwa gatanu uno mwaka hamwe n’amatora y’inzego zitandukanye mu mwaka wa 2020.

Ico gikorwa c’iyandikwa mu mamashini y’umurwi CENI kizorangira kw’igenekerezo rya 13 ukwezi kwa gatatu kuza ata gihindutse nk’uko umukuru wa CENI abivuga.

Umumenyeshamkuru w'Ijwi ry'Amerika Evariste Nzikobanyanka i Bujumbura ni we yateguye iyi nkuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG