Uko wahagera

ONU Isaba Agahengwe k'Imisi 30 muri Siriya


Umugabo ateruye umwana yakomeretse mu gisagara ca Hamouriyeh, mu buseruko bwa Ghouta, hafi ya Damascus, Siriya, itariki 21/02/ 2018.
Umugabo ateruye umwana yakomeretse mu gisagara ca Hamouriyeh, mu buseruko bwa Ghouta, hafi ya Damascus, Siriya, itariki 21/02/ 2018.

Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU asaba inama ijejwe umutekano kw’isi kwemeza uguhagarika intambara imisi 30 muri Siriya kugira bafashe abantu ibihumbi 400 bugarijwe mu buseruko bw’igisagara Ghouta. Guterres asaba kandi abarwana kurekura abanyagihugu 700 bakeneye imfashanyo yihuta.

Guterres yabwiye inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi ko ibiriko bibera mu maso y’amakungu muri Siriya atari ivyo kureka bikabandanya.

Abagize ako kanama uko ari 15 bariko baraganira ku nteguro y’itegeko rishira mu ngiro ako kamo ka ONU ko gutanga agahengwe k’imisi 30 ata ntambara muri Siriya. Iryo tegeko rishobora gutorwa kur’uyu wa kane ariko ntibiragaragara ko abagize ako kanama bose baryemeza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG