Uko wahagera

RDC: Umukozi Yari Yanyurujwe Yarekuwe


Abasirikare ba Monusco muri RDC
Abasirikare ba Monusco muri RDC

Umukozi akorera ishirahamwe ry’Abafaransa "Hydraulique sans frontières" yari yanyurujwe ku musi wa kabiri muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo ari kumwe na bagenzi biwe, yararekuwe inyuma y’amasaha 48 apfunzwe. Ivyo vyashikirjwe kur’uyu wa kabiri na Richard Kahindo arongoye iryo shirahamwe.

Kahindo ashikiriza kandi ko uwo mukozi wabo yarekuwe kur'uyu musi wa kabiri kandi yatowe afise ibikomere mu maso, mu gace ka Kibirizi, muri territoire ya Rutshuru, mu ntara ya Kivu y’uburaruko.

Uwo mugabo yakorera ishirahamwe ryo muri Kongo Hydraulique sans frontiers, rikorera mu gisata c’amazi yanyurujwe ari kumwe n’abandi bakorana batatu inyuma y’aho imodoka barimwo igwiriye mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho.

Babiri muri bo baciye bicwa, uwugira gatatu arashobora kubasiga kur’uyo musi nyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG