Uko wahagera

Trump Ntaremera Uruhara rw'Uburusiya mu Matora


Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump na Prezida Barack Obama
Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump na Prezida Barack Obama

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yarasubiye kwifatira mu gahanga abavuga kw’igihugu c’Uburusiya cisutse mu matora yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu mwaka 2016.

Yaboneyeho akaryo ko gusubiramwo amajambo yatangajwe na Prezida Barack Obama, imbere y’amatora, avuga kw’ata kintu na kimwe cerekana ko hari umuntu yari guhindura canke kuyovya ivyavuye mur’ayo matora.

Trump yaranditse ubutumwe kuri Twitter, avuga ko Perezida Obama ataco yakoze mu kubuza Uburusiya kwisuka mu matora yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ngo kuko yari yibajije ko Hillary Clinton, yariko aritoza ku giti c’umugambwe w’Abademokrate, yari gutsinda ayo matora.

Yongeye avuga kw’igihe yatsinda ayo matora bimworoheye, ngo ibintu vyaciye bihinduka, maze abademokrate baca batangura kurondera ivyitazwo ngo n’igihugu c’Uburusiya cabigizemwo uruhara.

Mu bundi butumwa yashikirije kuri Twitter, Trump yavuze ko wewe, yaremereye igihugu c’Uburusiya kurusha Obama. Mu gihe co kwiyamamaza mur’ayo matora yo mu 2016, Perezida Trump yarashikirije ibirego bivuga kw’amatora yariko aribwa n’abatashaka kw’ayatsinda.

Ico gihe Prezida Obama yishuye avuga ko Prezida Tump akwiye guhumura kuko ata muntu ashobora kwibaza kw’amatora yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ashobora kwiba, maze amuhanura kureka kuguma ariko aridoga.

Aho ayo matora yo mu 2016 arangiriye, Reta ya Prezida Obama yaciye ifatira ibihano Abarusiya 3 hamwe n’amashirahamwe yo mu gihugu c’Uburusiya yagirije ko yisutse mu matora yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG