Uko wahagera

Irani: Abantu 65 Boba Baratikiriye mw'Isanganya y'Indege


Mu misozi ya Zagros mu gihugu cya Irani
Mu misozi ya Zagros mu gihugu cya Irani

Abajejewe gutabara imbabare muri Irani bariko bahangana n’ibihe hamwe n’akarere katameze neza mu misozi ahari ikibanza indege yagiriyemwo isanganya ejo ku musi wa Mungu. Ikinyamakuru ca reta IRNA gitangaza ko iyo ndege yarimwo abantu 65.

Iyo ndege y’ishirahamwe Aseman yavuye ku mugwa mukuru wa Tehran mu gitondo c’ejo ku musi wa Mungu igana mu gisagara ca Yasuj mu ntara ya Isfahan. Abategetsi bavuga ko yaguye mu misozi y’ahitwa Zagros bagakeka ko abantu bari muri yo bose bahasize ubuzima.

Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres yifatanije n’amakungu mu gushikiriza umubabaro kuri iryo sanganya, yongere arahoze imiryango y’ababuze ababo hamwe n’abanyagihugu ba Irani bose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG