Uko wahagera

Bujumbura: Bamwe mu Batwara Imodokari Bahagaritse Akazi


Greve Y'abatransporteurs mu ntara ya Bubanza

Abunguruza abantu n’ibintu kw’ibarabara rya Bujumbura-Bubanza bakoresheje imodokari za taxi zizwi kw’izina rya Kagongo bahagaritse akazi kuva mu gitondo c’uno wa mbere. Ivyo vyari uko no kw’isoko yo kuri COTEBU.

Ico vyavuye ko n’igiciro co kwiyunguruza abo bagendesha ivyo vyuma vyunguruza abantu n’ibintu batumvikanako na buramatari w’intara ya Bubanza. Abo bashoferi bipfuza kurihisha ku muntu amafaranga y’Amarundi 3500 yaba uwuva i Bujumbura aja i Bubanza canke ava i Bubanza aja mu gisagara ca Bujumbura.

Buramatari w’intara ya Bubanza yipfuza ko borihisha ibihumbi bitatu ku buntu nabo bakarahira. Kuri telefone buramatari Tharcisse Niyongabo yabwiye Ijwi ry’Amerika ko habaye n’inama kuri ico kibazo. Akavuga ko atumva igituma bahagaritse akazi.

Muri abo bunguruza abantu, nta n’umwe yashimye kugira ico ashikirije kuri micro bakavuga ko batewe ubwoba n’abo batashimye kuvuga abo ari bo. Ariko babwiye abamenyeshamakuru mw’ibanga ko bipfuza kurihisha 3500 kubera amafaranga batozwa mu nzira.

Kamwe mu burorero batanga ni ako amafaranga ibihumbi 5000 basabwa babwirwa ko ari yo ibikorwa vy’iterambere rya komine Mpanda.

Igiciro kizwi giherutse gushingwa inyuma y’aho igiciro c’igitoro kidugirijwe mu Burundi, ni 2900 ku muntu ava canke aja i Bubanza avuye mu gisagara ca Bujumbura. N’abunguruza abantu n’ibintu mu ma bus bifadikanije n’abo bagendesha amatagisi muri iryo hagarikwa ry’akazi.

Ariko nk’uko twavyiboneye ku gituro co kuri COTEBU ni uko abo bunguruza abantu n’ibintu basabwe na zimwe mu ntwazangabo z’igipolisi zikorera mu gisagara ca Bujumbura, gukora atari uko bagakinjura.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Evariste Nzikobanyanka araduha umuco kuri ico kibazo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:54 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG