Perezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa, kur’uyu w’Imana yaragendeye urugo rw’uwahoze ari umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, Morgan Tsvangirai aheruka kwitaba Imana, guhoza umuryango wiwe. Yahaboneye n'akaryo ko gusaba ko hoba ubumwe mu gihugu mu gihe abatavuga rumwe na reta yiwe barushiriza kurondera ubutegetsi.
Emmerson Mnangagwa yemeye ko reta arongoye izoriha uburyo bw'amafaranga yakoreshejwe mu bitaro hamwe no gushingura Tsvangirai, yishwe n’ingwara ya kanseri mu ndwi iheze mu gihugu kibanyi ca Afrika y’epfo.
Ikiziga ca Tsvangirai cashikanwe ku murwa mukuru, Harare, ku musi wa gatanu mu nyuma kijanwa mw’ikambi ya gisirikare aho kizoguma gushika ku musi wa mbere ahategekanijwe ko abavyipfuza baja kumusezera ubwa nyuma.
Uwo yamaze imyaka itari mike ateye kubiri n’ubutegetsi bwa Robert Mugabe azopfubwa kuwa kabiri i Buhera, aho avuka ku birometero 250 mu bumanuko bw'umurwa mukuru Harare.
Facebook Forum