Uko wahagera

Pakistani na Afuganistani Bigiye Kuzogaburwa n'Uruhome


Uruhome rugabura Pakistani na Afuganistani.

Igihugu ca Pakistani kiriko kirubaka uruhome ku rubibe gihana na Afuganistani kandi kigomba ko Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika afasha kururiha.

Umushikiranganji wa Pakistani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Khawaja Muhammad Asif yabwiye itorokanirizo ry’amakuru Bloomberg ryo mu gisagara ca New York ko urwo ruhome rutazimvye ugereranije n’amafaranga Reta zunze ubumwe z’Amerika ikoresha mu ntambara.

Umushikiranganji Asif avuga ko igice gito c’uruhome ari co kimaze kwubakwa bivanye no gukehanirwa amafaranga. Ariko avuga ko yizeye ko ibikorwa bizorangira mu mwaka uza.

Asif avuga kandi ko urubibe Pakistani ihana na Afuganistani rupima uburebure bw’ibilometero 2,300 rwuguruye kuri bose, ko abantu barenga ibihumbi 70 barujabuka buri munsi, barimwo abakora iterabwoba, abadandaza ibiyayura mutwe hamwe n’abasirikare.

Trump mu kwezi guheze yaragabanije imiriyaridi zibiri z’amadolari ku mfashanyo Amerika iha Pakistani, yagiriza Islamabad kuba ataco iriko irakora mu kurwanya iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG