Abanyeshure 22 bahora biga mw’ishure ryisumbuye hamwe n’umushoferi wa bus barimwo bapfuye kur'uyu wa kabiri mw’isanganya ryo mw’ibarabara, mu buraruko bwa Nigeriya, ivyo vyatangajwe n’abajejwe gucungera umutekano mu mabarabara.
Abo banyeshure bari bavuye kuri Lycee ya Bauchi, bagiye mu gisagara ca Kano, mu buraruko bw’igihugu, mu rugendo rwatunganijwe n’ishure, ni ho umushoferi yatwara imodoka barimwo yata ibarabara, nk'uko vyashikirijwe na Kabiru Daura, akora mu kigo gicungera umutekano mu mabarabara.
Daura avuga ko abanyeshure 22 n’umushoferi bapfuye, abandi batatu barakomereka bikomeye kandi ko vyabereye ku bilometero 50 uva mu gisagara ca Kano.
Facebook Forum