Uko wahagera

Kenya: Umushikiranganji w'Ubutungane Yatanze Imihoho


Githu Muigai, umushikiranganji w'ubutungane wa Kenya mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Nairobi, Kenya, Ukwezi kw'icenda, itariki 22, 2017.
Githu Muigai, umushikiranganji w'ubutungane wa Kenya mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Nairobi, Kenya, Ukwezi kw'icenda, itariki 22, 2017.

Umushikiranganji w'ubutungane w’igihugu ca Kenya, Githu Muigai yatanze imihoho. Ivyo vyatangajwe na Perezida Uhuru Kenyatta, uno musi ku wa kabiri. Nta nsiguro yatanze kur'uko gutanga imihoho kwiwe. Yamenyesheje ko yagenye uwuzomusubirira.

Mu vyo yashize ku rubuga rwa Twitter, Perezida Kenyatta yatangaje ko yemeye ugutanga imihoho kwa Muigai mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe ubutungane w’igihugu.

Muigai yari yagenywe muri ayo mabanga mu mugambi w’ugutuma Abanyakenya bagira icizere mu nzego z’ubutungane inyuma y'uko ibwirizwa shingiro rishasha ryemejwe mu mwaka w’i 2010.

Mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze, Muigai yari yatangaje ko ukugerageza kurahira mu mabanga ya perezida kwa Raila Odinga, atavuga rumwe na reta, vyari kubonwa nk’icaha c’uguhemuka.

Mu ndwi nkeyi zirangiye, Reta ya Kenya ntiyubahirije amategeko yafashwe n’amasentare. Ivyo n’inyuma yuko yanse gushira mu bikorwa amategeko atari make yafashwe n’amasentare ku vyerekeye gukandamiza abatavuga rumwe na reta barahije Odinga mu mabanga ya Perezida kw’italiki 30 z’ukwezi kwa mbere.

Perezida Kenyatta yarahanganye ku mugaragaro n’inzego z’ubutungane mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze, inyuma y'uko sentare ntahinyuzwa y’igihugu ifuse ivyavuye mu matora yo kw’italiki umunani z’ukwezi kw’umunani mu mwaka uheze, igategeka isubirwamwo ry’amatora.

Perezida Kenyatta avuga ko yagenye Paul Kihara Kariuki, umucamanza mukuru wa sentare yungururizwamwo imanza, gusubirira Muigai.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG