Uko wahagera

Burundi: Rwasa Ahamagarira Abarundi Kwiyandikisha mu Matora


Agathon Rwasa, icegera ca mbere c'umukuru w'Inama nshingamateka mu Burundi, akaba n'umukuru w'urunani "Amizero y'Abarundi".
Agathon Rwasa, icegera ca mbere c'umukuru w'Inama nshingamateka mu Burundi, akaba n'umukuru w'urunani "Amizero y'Abarundi".

Indongozi z’Urunani rw’abigenga "Amizero y’Abarundi" zihamagarira Abarundi bose bakwije imyaka yo gutora kuja kwiyandikisha ata n’umwe asigaye inyuma. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru warwo, umushingamateka Agathon Rwasa.

N’inyuma y’aho izo ndongozi zishikirije ko hari ingingo zimwe zimwe z’ibwiriza shingiro mu zahinyanyuwe zaka uburenganzira abanyapolitike bigenga.

Umushingamateka Agathon Rwasa arongoye urunani rw’abigenga "Amizero y’Abarundi" ntiyahengeshanije kuvuga ko impinyanyuro zimwe zimwe z’ibwirizwa nshingiro atazemera. Muri zo harimwo iyibuza abigenga gusubira gushinga urunani mu matora yimirije.

Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika uwo asanzwe ari n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka ahamagarira Abarundi bakwije imyaka yo gutora kuja kwiyandikisha ata n’umwe asigaye inyuma.

Ibindi kur’iyi nkuru, tubishikirizwa n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika mu Burundi Evariste Nzikobanyanka.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:24 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG