Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu yashikirije kur’uyu w’Imana ko igihugu ciwe cateye bikomeye abasirikare ba Irani na Siriya bari muri Siriya kandi ko azobandanya arwanya abazomusotora bose.
Abivuze inyuma y’aho Siriya ikororeye indege y’intambara ya Isirayeli, incuro ya mbere Isirayeli itakaje indege y’intambara kuva mu mwaka w’1982.
Umudereva w’iyo ndege yarashoboye gusimba arava muri yo akiri muzima imbere yuko isandabira muri Isirayeli, nk'uko bishikirizwa n’igisirikare ca Isirayeli.
Isirayeli itangaza ko yateye ibirindiro birenga cumi vya Irani na Siriya muri Siriya. Isirayeli yavuze kandi ko yakoroye indege itagira umudereva ya drone yarungitswe iva muri Siriya, inyuma yo kwinjira ku butaka bwa Isirayeli ku musi wa gatanu.
Ibiro vya Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, White House, vyatangaje ko bishigikiye uburengenzira bwa Isirayeli bwo kwivuna gitewe. Amerika yasavye Irani n’ibihugu bifatanije guhagarika ibikorwa vyo gusomborotsa, bagakorera hamwe mu kurondera amahoro mu karere.
Facebook Forum