Uko wahagera

Abimukira b'Abanyafurika Batandukiriye Yemeni


Abimukira bamuka muri Etiyopiya ku biri vya OIM i Aden, Yemen, Ukwezi kwa mbere, itariki 2, 2017.
Abimukira bamuka muri Etiyopiya ku biri vya OIM i Aden, Yemen, Ukwezi kwa mbere, itariki 2, 2017.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi n'abimukira, OIM gitangaza ko ibihumbi vy’abantu bamuka muri Etiyopiya babandanya kuja mu gihugu ca Yemeni kurondera ubuzima bwiza, n’aho ico gihugu kiriko gitabagurwa n’intambara.

OIM itangaza ko abimukira barenga ibihumbi 87, benshi bamuka muri Afrika bashitse muri Yemeni mu mwaka uheze. Izo ngendo bazifashwamwo n’akagwi k’abagize umwuga kudandaza abantu.

Umuvugizi wa IOM, Joel Millman avuga ko ubwato bune, butwaye abimukira 602 bagizwe n’abagabo hamwe n’abagore bamuka muri Etiyopiya bashitse ku nkengera z'amazi ya Yemeni ku musi wa gatanu.

Benshi muri abo banyagihugu ba Etiyopiya baja muri Yemeni bandurutse bavuye muri Djibouti. Millman yabwiye Ijwi ry’Amerika ko OIM igerageza kubereka ingaruka mbi z’izo ngendo ariko banshi ntaco bibabwiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG