Uko wahagera

Inkino Olempike Zatanguye muri Koreya y'Epfo


Ibirori vy’ukwugurura izo nkino vyaranzwe n’imiriro y'amabara menshi y’umunezero

Inkino mpuzamakungu za Olempike zo mu gihe c’ubukanye z’uyu mwaka w’i 2018 zatanguye icese mu gisagara ca Pyeongchang muri Koreya y’epfo.

Ibirori vy’ukwugurura izo nkino vyaranzwe n’imiriro y'amabara menshi y’umunezero n'imyiyereko y'abanonotsi binjira mu kibuga.

Inkino mpuzamakungu za Olempike zo mu gihe c’ubukanye zitezwemo ibintu bitari bike. Ugukorera hamwe hagati y’ibihugu vya Koreya ya ruguru na Koreya y’epfo ni co kintu kizokwirikiranwa cane. Ivyo bihugu bibiri vyaremeye guhiganwa biri hamwe nk’umurwi umwe mu rukino rwa Hockey.

Abanonotsi b’ivyo bihugu bibiri bari hamwe mu myiyereko uno musi ku wa gatanu mu biro vy’ukwugurura izo nkino. Inkino zizoba gushika kw’italiki 25 z’uku kwezi kwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG