Uko wahagera

USA: Ibikorwa vya Reta Bishobora Kwongera Guhagarara

Senateri Mitch McConnell, arongoye Abarepublikane muri Sena (Iburyo) na Senateri Chuck Schumer, arongoye umurwi w'Abademokrate (Ibubamfu) inyuma yo kwemeranya ku mafaranga reta izokoresha mu myaka ibiri. Washington, Itariki 8 z'ukwezi kwa 2, 2018.

Reta ya Reta zunze ubumwe z’Amerika ku mugoroba wo kur’uyu wa kane yari mu myiteguro y’uko ibikorwa vyayo bishobora kwongera guhagarara kuva kur’uyu wa gatanu, incuro ya kabiri mu ndwi zitatu, bivanye n’uko abasenateri batarumvikana ku mafaranga boha reta ngo ikoreshe.

Integuro y’itegeko riha reta amafaranga azoyishikana mu mwaka wa 2019, yategerezwa kwemezwa na Sena ku majwi 60 kw’ijana akenewe kugira irengane mu nyuma ibone kuja mu nama nshingamateka, ahari abatayishigikiye batari bake.

Ariko aho hari imbere y’uko Senateri Rand Paul wo mu mugambwe w’Abarepublikani, ashikiriza ijambo rirerire yerekana amakenga yiwe ko adashigikiye na gato itegeko avuga ko ryongereza umwenda Amerika ifitiye amakungu.

Mu gihe hogera sa sita y’ijoro kur’uyu wa kane iyo nteguro y’itegeko itaremezwa, abakozi ba reta y'Amerika baharurwa mu bihumbi amajana baca baja muhira.

Reta ya Trump yarahagaritse ibikorwa ubwa mbere kuva kw’itariki ya 20 z’ukwezi kwa mbere mu kiringo c’imisi itatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG