UDPS, umugambwe ukomeye mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Congo watangaje ku musi wa gatatu ko mu mpera z’ukwezi kwa kabiri uzotunganya ikoraniro kaminuza aho bazotora umukuru w’umugambwe mushasha.
Ni nawe azowuserukira mu gihe hoba amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’itariki ya 23 y'ukwezi kwa cumi na kabiri 2018.
Umunyamabanga mukuru wa UDPS, Jean-Marc Kabund yatangaje ko bazokorana ku magenekerezo ya 26 na 27 z’uku kwezi kwa kabiri muri Komine ya Limete, i Kinshasa, kugira batore uwuzosubirira Étienne Tshisekedi, yitavye Imana i Buruseli mu Bubiligi, gushika ubu ikiziga ciwe kitaratahukanwa muri Congo
Umuhungu wiwe, Félix Tshisekedi, niwe umukandida ku burongozi bw’uyo mugambwe, nk'uko vyashikirijwe n’umuvugizi akaba n’umunyamabanga mukuru wawo, Abraham Luakabuanga. Abandanya avuga ko mu gihe yokwemezwa, azoca yitoza mu matora y’umukuru w’igihugu.
Facebook Forum