Uko wahagera

Siriya: USA Yateye Abashigikiye Bashar Assad


Abasirikare b'Amerika baraba ku rubibe rwa Turukiya bari i Manbij, mu buraruko bwa Siriya, ukwezi kwa 2 itariki 7, 2018.
Abasirikare b'Amerika baraba ku rubibe rwa Turukiya bari i Manbij, mu buraruko bwa Siriya, ukwezi kwa 2 itariki 7, 2018.

Abategetsi b’igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika batangaza ko ibitero vy’indege z’intambara z’urunani ruyobowe na Amerika mu buraruko bw’igihugu ca Siriya vyahitanye abarwanyi bashigikiye Reta bagera 100. Bari mu gitero cagizwe ku nteko zirwanya Reta ya Siriya zishigikiwe na Amerika.

Inteko z’urunani ruyobowe na Amerika zimenyesha ko abarwanyi bashigikiye Reta ya Siriya bagize igitero, badasotowe, ku cicaro c’inteko zirwanya Reta zishigikiwe na Amerika mu ntara ya Deir el-Zour.

Abategetsi b’igisirikare ca Amerika bavuga kwa ata Banyamerika boba bahasize ubuzima canke ngo bakomereke.

Umwe mu basirikare barwanya Reta ya Siriya yarakomeretse mur’ico gitero cakoresheje vya muzinga, ibimodoka vya blende n’amarokete.

Bisa n'uko abarwanyi bashigikiye Reta ya Siriya bariko bagerageza gufata ibice biri mu minwe y'inteko zirwanya Reta zafashe mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze, vyari mu minwe ya Reta ya Kiyislamu.

Reta ya Siriya yatangaje ko ibitero vy’indege z’intambara za Ameraika ari agasotoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG