Uko wahagera

USA: Ibihano Bikomeye Bitigeze Bifatirwa Koreya ya Ruguru


Visi Perezida w'Amerika, Mike Pence, (ibibamfu), aramukanya n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Shinzo Abe i Tokyo, ukwezi kwa kabiri, itariko 7, 2018.
Visi Perezida w'Amerika, Mike Pence, (ibibamfu), aramukanya n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Shinzo Abe i Tokyo, ukwezi kwa kabiri, itariko 7, 2018.

Icegera c’umukuru w’igihugu muri Zeta zunze ubumwe z’Amerika, Mike Pence yashikirije kur’uyu wa gatatu aho yari i Tokyo mu Buyapani ko Igihugu ciwe citeguye gushira ahabona ibindi bihano bikomeye mu vy’ubutunzi bitari bwigere bifatirwa Koreya ya ruguru.

Pence yongeye avuga ko Washington igiye kwongereza inguvu mu kuremera ico gihugu ngo kivavanure na porogaramu yaco yo kubandanya gikora ibirwanisho ruhonyanganda.

Pence ntiyatomoye ariko ivyo bihano bishasha Amerika igiye gufatira Koreya ya ruguru ivyo ari vyo.

Mu mwaka uheze, Washington, ibicishije mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw'isi yarafatiye Koreya ya ruguru ibihano vy’ubutunzi incuro zitatu zikurikirana.

Ivyo bihano vyafashwe inyuma y’uko Koreya ya ruguru irungitse musile mu kirere ikagerageza n’ibirwanisho vya Nikleyeli vyavuzwe ko bibangamiye umutekano mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG