Uko wahagera

Afurika Ishobora Kuzakira Inkino Olempike muri 2032


Ibendera rya Koreya ya ruguru (Ibubamfu), rihungabana hagati y'ayandi y'ibindi bihugu i Gangneung, Koreya y'Epfo, Ukwezi kwa kabiri, itariki 1, 2018.

Umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe inkino, OIC, Thomas Bach yatangaje, kur'uyu wa gatatu, ko Afurika ishobora kuzokwakira inkino mpuzamakungu za Olempike zo mu gihe c’ici. Buzoba bubaye ubwa mbere mu mwaka w’i 2032.

Ivyo yabitangaje inyuma y'uko ishirahamwe OIC ryemeje imigambi y’uguha akaryo akarere ka Afurika k’ukwakira inkino Olempike zigira kane z’abakiri bato zizoba mu mwaka w’i 2022.

Uwo muyobozi Thomas Bach yizeye ko izo nkino z’abakiri bato zizotuma kimwe mu bihugu vyo muri Afurika gishikiriza imigambi y’ukwakira izo nkino mu mwaka w’i 2032, canke umwaka w’i 2036.

Ivyo Bach yabitangarije mu gisagara ca Pyeongchang, mu gihugu ca Koreya y’epfo. Ni imisi ibiri imbere y'uko inkino mpuzamakungu za Olempike zo mu gihe c’ubukanye zitangura muri ico gisagara.

Yamara Bach ntiyadomye urutoki ku gihugu co muri Afurika afise mu mutwe ku vyerekeye kwakira inkino mpuzamakungu za Olempike zo mu gihe c’ici.

Igisagara ca Rio de Janeiro, mu gihugu ca Brezil, cabaye ica mbere co muri Amerika yo mu bumanuko cakiye inkino mpuzamakungu za Olempike mu mwaka w’i 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG