Uko wahagera

Zimbabwe: MDC Yabonye Umuyobozi w'Agateganyo


Morgan Tsvangirai, umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Zimbabwe, inyuma yo kuremesha ikiganiro n'abamenyeshamakuru, mu rugo iwe i Harare, Zimbabwe, Ukwezi kwa 11, itariki 16, 2017.
Morgan Tsvangirai, umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Zimbabwe, inyuma yo kuremesha ikiganiro n'abamenyeshamakuru, mu rugo iwe i Harare, Zimbabwe, Ukwezi kwa 11, itariki 16, 2017.

Morgan Tsvangirai umunyepolitike atavuga rumwe na reta y’igihugu ca Zimbabwe yagenye Nelson Chamisa kuba umuyobozi vy’agateganyo w’umugambwe "Movement for Democratic Change", mu mpfunyapfunyo, MDC.

Abategetsi b’umugambwe MDC batangaje ko Chamisa, umwe mu vyegera bitatu vy’umuyobozi b’uwo mugambwe, azorangura amabanga y’ukuwuyobora gushika Tsvangirai agarutse mu gihugu avuye kwivuza kanseri mu gihugu ca Afurika y’epfo.

Abategetsi b’umugambwe MDC bavuga ko ibindi vyegera bibiri vy’umuyobozi w’uwo mugambwe nabo nyene bari muri Afrika y’epfo.

Morgan Tsvangirai, muri iki gihe afise imyaka 65, yatangaje mu kwezi kwa gatandatu kw’umwaka uheze w’i 2017 kw’afise indwara ya kanseri.

Mu misi mikeyi irangiye hari amakuru atemejwe avuga ko Tsvangirai arwaye bikomeye, kandi ashobora kutarusimba.

Yamara Tsvangirai yarahakanye ayo makuru ku rubuga Twitter. Yamenyesheje ko ari ukuri ko arwaye kanseri ko yamara yumva ameze neza.

Tsvangirai yashizeho umugambwe MDC mu mwaka w’i 1999 kugira ahangane na prezida w’ico gihe, Robert Mugabe, yakuwe ku butegetsi mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG