Umukuru wa Boko Haram, Abubakar Shekau, yavugiye muri Videwo yasohoye kur’uyu wa kabiri ko agiye kubandanya urugamba, mu gihe hari haheze imisi mike abasirikare ba Nijeriya batangaje ko uwo muhari w’iterabwoba watsinzwe.
Abubakar Shekau avuga ko igitero reta ya Nijeriya yagerageje cari kigamije kubomora mw’ishamba rya Sambisa, muri reta ya Borno ntaco cashitseko, yemera ko agiye kubandanya arwanya abategetsi ba Nijeriya hamwe n’inyigisho z’abanyaburaya.
Reta ya Nijeriya yavuze akatari gake ko yanesheje Boko Haram. Perezida Muhammadu Buhari ubwiwe mu kwezi kwa cumi na kabiri 2015 yivugiye ko uwo muhari waneshejwe.
Abarwanyi b’uwo muhari ku musi w’Imana uheze barigaruriye imihana iri mu buraruko bushira ubuseruko, bica abantu babiri. Abandi banyagihugu 6 bapfiriye mu gitero cabereye mu buraruko bwa Cameruni.
Kuva Boko Haram utanguye intambara mu mwaka wa 2009, abanyagihugu imiliyoni 2,4 baramaze guhungira mu buraruko bwa Nijeriya, Cameruni, Tchad na Nijeri, nkuko bishikirizwa na HCR.
Facebook Forum