Uko wahagera

Siriya Yagirizwa Gutera Ivyuka ku Banyagihugu Bayo


Umwigeme areze umwana muto afise ingorane zo guhema zatewe n'ivyuka vyatewe mu gisagara ca Douma mu buseruko bw'intara ya Ghouta mu micungararo y'umurwa mukuru Damas.
Umwigeme areze umwana muto afise ingorane zo guhema zatewe n'ivyuka vyatewe mu gisagara ca Douma mu buseruko bw'intara ya Ghouta mu micungararo y'umurwa mukuru Damas.

Inama ya ONU ijejwe umutekano kw'isi kur’uyu wa mbere yakoranye kugira yige kuri Siriya, inyuma y’amaraporo avuga ko hoba harakoreshejwe ivyuka vy’ubumara mur’ico gihugu.

Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri ONU, Nikki Haley yabwiye ako kanama ati: "Turafise amaraporo avuga ko reta ya Bashar al Assad yakoresheje imyuka yo mu bwoko bwa chlorine ku banyagihugu biwe incuro zitari nke mu ndwi ziheze”. "Hari ivyemeza biva kubo vyatewe."

Amakuru ava mu baganga hamwe n’abatabara muri Siriya avuga ko abanyagihugu batari bake bafise ibimenyetso vyemeza ko batewe ivyuka vya chlorine, harimwo n’ibimenyetso vyo guhema nabi hamwe n’akamoto ku mpuzu zabo, inyuma y’igitero cakozwe mu gisagara ca Saraqeb mu ntara ya Idlib ku musi w’Imana.

Nta bantu bapfuye batangajwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG