Uko wahagera

Ingingo Yabuza Abava mu Bihugu 11 kwinjira muri USA Yakuweho


Nadia Hanan Madalo, ahobera musaza we Gassan Kakooz ku kibuga c'indege avuye muri Iraki ahunze, San Diego, ukwezi kwa gatatu 15, 2017
Nadia Hanan Madalo, ahobera musaza we Gassan Kakooz ku kibuga c'indege avuye muri Iraki ahunze, San Diego, ukwezi kwa gatatu 15, 2017

Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa mbere zakuyeho itegeko ryari ryarafatiwe impunzi ziva mu bihugu 11 ryazibuza kwinjira muri Amerika, ariko yongereza ibisabwa kugira bemererwe kwinjira, nkuko vyashikirijwe na deparotema y’umutekano mu gihugu hagati (DHS) mw’itangazo ryayo.

Abo bategetsi ntibavuze urutonde rw’ivyo bihugu vyegwa n’iyo ngingo, ariko bishobora kuba ari Misiri, Irani, Iraki, Libiya, Mali, Koreya ya ruguru, Somaliya, Sudani y’epfo, Sudani, Siriya, na Yemeni, nkuko bivugwa n’amashirahamwe yita ku mpunzi.

Abategetsi b’Amerika batangaje kandi ko bagiye gukomeza umutekano mu gihugu no gufata ingingo zikomeye mu gusuzuma bikomeye abasaba ubuhungiro no kuzoza baratangaza urutonde rw’ibihugu biteye amakenga hamwe no guhitamwo impunzi Amerika izokwakira.

Mu kwezi kwa cumi, Amerika niho yakuraho itegeko ryabuza impunzi kwinjira muri Amerika, kiretse ivyo bihugu 11. Iryo tegeko ryavuga ko ritumbereye kurwanya iterabwoba ryashizwe mu ngiro mu kwezi kwa 12 n'aho ryarwanijwe cane na bamwe ko rikumira Abayisilamu.

Ubushikiranganji bw’umutekano mu gihugu nta vyinshi bwashikirije kubiri mur’izo ngingo zerekaye ivyo bihugu 11.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG