Uko wahagera

Afuganistani Yibutse Abahitanwe n'Igitero c'Iterabwoba i Kabul


Abanyafuganistani basenga bariko barapfuba abishwe mu gitero c'iterabwoba ku musi wa gatandatu i Kabul, Afghanistani, ukwezi kwa mbere, itariki 28, 2018.
Abanyafuganistani basenga bariko barapfuba abishwe mu gitero c'iterabwoba ku musi wa gatandatu i Kabul, Afghanistani, ukwezi kwa mbere, itariki 28, 2018.

Muri Afghanistani kur’uyu w’Imana wari umusi wo kwibuka abasize ubuzima mu gitero c’iterabwoba hakoreshejwe rusehabaniha hanze y’inyukabakwa ya reta ku murwa mukuru Kabul.

Abategetsi b’igihugu batangaje ko ibitigiri vy’abapfuye mur’ico gitero vyiyongereye gushika kw’103, abandi 235 barakomereka. Abatalibani baremanze ko aribo citirirwa.

Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati wa Afughanistani, Wais Ahmad Barmak, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Kabul, yavuze ko abapolisi benshi bahasize ubuzima, ariko ntiyatomoye igitigiri cabo. Ariko yavuze ko intwazangabo 30 ziri mu bakomeretse.

Masoom Stanekzai, arongoye ikigo gishinzwe iperereza mu gihugu yabwiye abamenyeshamakuru ko abantu bane bakekwa mur’ubwo bwicanyi bafashwe ku musi wa gatandatu kandi ko amatohoza akibandanya.

Perezida wa Afghanistani, Ashraf Ghani yashikirije ko uyu musi wa mbere, uba uw’akaruhuko ku murwa mukuru Kabul, kugira baronse ibikenewe abariko baravura abakomerekejwe n’ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG