Uko wahagera

Perezida Trump Yatomoye ko Amerika Yubaha Afurika


Perezida Trump hamwe na bamwe bakuru b'ibihugu vy'Afrika
Perezida Trump hamwe na bamwe bakuru b'ibihugu vy'Afrika

Donald Trump, perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yemeje ko igihugu ciwe cubaha Abanyafrika. Ni mu rwete yarungikiye abakuru b’ibihugu vy’Afurika, nk'uko amakuru yavuye mu badiplomate kur’uyu w’ Imana abivuga.

Ivyo bishikirijwe inyuma y’indwi zibiri ziheze havugwa amakuru yuko perezida w’Amerika yashikirije amakuru atuka Afurika.

Urwo rwete rwanditswe ku musi wa kane, rurungikirwa abakuru b’ibihugu vy’Afurika mu nama igira 30 y’umuryango w’ubumwe bw’Afrika iriko irabera i Addis Abeba muri Etiyopiya kuva kur’uyu w’Imana n’uyu wa mbere.

Trump yanditse kandi ko Sekreteri wa reta muri Amerika, Rex Tillerson ashobora kuzogendera umugabane w’Afrika mu kwezi kwa gatatu, urugendo ruzoba rubaye urwa mbere ashinzwe ayo mabanga y’imigenderanire y’Amerika y’ayandi makungu.

Amakuru ava mu muryango w’ubumwe bw’Afurika, yakwiragiye kandi no ku mbuga ngurukana bumenyi, aremeza urwo rwete. Eka na Chris Meade, umudiplomate w’Umunyamerika mur’uyo muryango, yemeje ko urwo rwete rwarungitswe ariko ntiyashimye kuvuga ibirimwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG