Uko wahagera

RDC n'Ububirigi Vyoba Bigiye Guhagarika Imigenderanire?


Icegera ca ministre wa mbere w'Ububirigi akongera akaba ministre w'imigenderanire,Didier Reynders abonana na Perezida wa RDC, Joseph Kabila, i Lubumbashi, ukwezi kwa 8, itariki 22, 2012.
Icegera ca ministre wa mbere w'Ububirigi akongera akaba ministre w'imigenderanire,Didier Reynders abonana na Perezida wa RDC, Joseph Kabila, i Lubumbashi, ukwezi kwa 8, itariki 22, 2012.

Republika iharanira demokarasi ya Congo yamenyesheje ku musi wa gatatu ko igiye kwugara ibiro vya Schengen biri i Kinshasa bigenzurwa n’Ububirigi, bitangirwamwo amavisa ku baja mu bihugu 18 vya Burayi. Reta ya Congo yatangaje ko igiye gufata iyo ngingo mu bihe vya vuba.

Kinshasa yamenyesheje kandi reta y’Ububirigi ko ikigo cabwo kijejwe iterambere (Enabel) kidakenewe muri Congo, ivyo ubushikiranganji bw’Ububirigi bujejwe imigenderanire kur’uyu wa kane bwavuze ko izo ngingo zibabaje.

Iyo ngingo yo kwugara ikigo Enabel izotuma ico kigo kitazosubira gufasha Congo mu bisata vy’uburimyi, amagara y’abantu no gisata c’indero.

Ububirigi bwari bwatangaje kw’itariki ya 10 y’ukwezi kwa mbere ko bugiye gusubira kwihweza neza ivy’imfashanyo buha abategetsi ba Kongo gushika hatunganijwe amatora yizewe na bose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG