Uko wahagera

Umukozi Agira 4 wa Save The Children Yapfuye muri Afuganisitani


Imyotsi ituruka ahabereye igitero c'umwihevyi i Jalalabad, muri Afghanistani, ukwezi kwa mbere, itariki 24, 2018.
Imyotsi ituruka ahabereye igitero c'umwihevyi i Jalalabad, muri Afghanistani, ukwezi kwa mbere, itariki 24, 2018.

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abagiraneza "Save the Children" rimenyesha ko umukozi wabo agira kane yitavye umuremyi muri Afuganisitani. Ni mu gitero cyagabwe ku nyubakwa y'iryo shirahamwe ry'Abongereza rikoreramo.

Ku rubuga rwabo rwa Twitter, Save the Children yashikirije itangazo iti “mu bikorwa vya nyuma vyo gutabara imbabare vyakozwe kuri uno musi, twashoboye kubona ata nkeka y'uko umwe mu baguye mur'ico gitero yari umusore w’imyaka 20 twakorana".

Ivyo bivuzwe inyuma y'aho abategetsi bamenyesheje ko abagabo bitwaje ibigwanisho binjiye mu kigo c’iyo nyubakwa ya "Save the Children", inyuma y'aho umwe muri bo w’umwihevyi yari ahejeje kwituritsako bombe mw’irembo ryaho.

Abajejwe gucungera umutekano baratanye mu mitwe n’abo barwanyi umwanya utari muto. Abarwanyi baharanira reta ya kiyisilamu bariyitira ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG