Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump yashitse uno musi ku wa kane mu gisagara ca Davos, mu gihugu c’Ubusuwisi.
Vyitezwe ko ashikiriza ijambo ejo ku musi wa gatanu abategetsi b’igihugu n’abaserukira amashirahamwe igira imirimo y’ubudandaji bava mu bice bitandukanye vyo kw’isi. Trump ari mu nama yo mur’iyi ndwi yerekeye ubutunzi kw’isi.
Igihe Perezida Trump yashika m’Ubusuwisi, abantu bihereje amabarabara mu bisagara bitari bike kugira bamubwire ko batamushaka.
Imbere y'uko ashika, abafasha biwe mu vyerekeye ubutunzi bajanye bafise imigambi y’ugushira imbere uguhinwa mu makungu mu vyerekeye ubutunzi. Steve Mnuchin, umushikirnaganji ajejwe ikigega muri Amerika, umwe mu 10 bari mu nama y’i Davos yarashigikiye igabanuka ry’agaciro k’idolari.
Mnuchin yavuze ko ari ikintu ciza kuri bo ku bijanye n’ubudandaji. Yatangaje ko gushira imbere inyungu za Amerika atar’ukuvuga ko Amerika idashaka gukorana n’amakungu ku bibazo vyerekeye uruja n’uruza ata ntambamyi mu vyerekeye ubudandaji.
Facebook Forum