Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu kuri uyu wa gatatu yabonanye na Perezida Paul Kagamwe w’u Rwanda mu gisagara ca Davos mu Busuwisi.
Amakuru yatangajwe ku rubuga rwa Twitter rw’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, avuga ko abo bategetsi babiri baganiriye ku bibazo bitandukanye, harimwo kwagura imigenderanire hagati ya Isirayeli n’u Rwanda.
Ku kibazo c’abimukira, Netanyahu yemeranije na Perezida Kagame, yamaze kugaragaza aho ahagaze kuri ico kibazo, ko ashobora kuzokwemera kwakira izo mpunzi mu gihe ibisabwa n’amategeko mpuzamakungu bizoba vyubahirijwe.
Facebook Forum