Uko wahagera

Imihora ya Interinet Yongeye Kwugururwa muri RDC


Abigaragamvya mu mabarabara y'i Kinshasa basaba Perezida Kabila kuva ku butegetsi, italiki ya 21 ukwezi kwa mbere 2018.
Abigaragamvya mu mabarabara y'i Kinshasa basaba Perezida Kabila kuva ku butegetsi, italiki ya 21 ukwezi kwa mbere 2018.

Ugutumatumanako hakoresheje ubuhinga bwa Internet vyongeye kwugururwa kur’uyu wa kabiri muri Republika iharanira demokarasi ya Congo, inyuma yuko vyari vyarahagaritswe n’abategesi mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu ushira uw’Imana.

Abategetsi ba Congo bari bategetse amasosiyete akora mw’itumatumanako guhagarika imihora ya internet mu gihugu mw’ijoro ryo kuwa gatandatu, buca haba imyiyerekano yiyamiriza iguma ku butegetsi rya perezida Joseph Kabila.

Abantu batandatu nibo bapfiriye mur’iyo myigaragamvyo ku musi w’Imana i Kinshasa, nkuko vyashikirijwe na ONU hamwe na Ekleziya Katolika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG