Sena hamwe n’inama nshingamateka vya Reta zunze ubumwe z’Amerika zemeje kur’uyu wa mbere integuro y’itegeko riha amafaranga y’imfatakibanza reta iba irakoresha, inyuma y’imisi itatu ibikorwa vya reta vyari bimaze vyahagaze bivanye no kutumvikana ku kibazo c’abimukira.
Inyuma y’aho sena iryemereje inyuma y’umutaga, inama nshingamateka nayo yaciye yemeza iyo nteguro y’itegeko riha amafaranga reta gushika kw’itariki 8 z’ukwezi kwa kabiri.
Vyitezwe ko Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald trump ariterako umukono ku mugoroba wo kur'uyu wa mbere nyene kugira kuwa kabiri Ibikorwa vya reta bibandanye ukuri kwamye.
Facebook Forum