Uko wahagera

Amerika Yagabanije Imfashanyo Ku Mpunzi z'Abanyepalestina


Abanyepalestina bahabwa imfashanyo z'ibifungura mw'ikambi y'impunzi y'i Shati, i Gaza, mu kwezi mbere, italiki 14, 2018.
Abanyepalestina bahabwa imfashanyo z'ibifungura mw'ikambi y'impunzi y'i Shati, i Gaza, mu kwezi mbere, italiki 14, 2018.

Reta ya Donald Trump yagabanije imiliyoni 65 z’amadolari mu mafaranga yafashisha impunzi z’Abanyepalestina ibiciye mu gisata ca ONU cagenewe gufasha izo mpunzi.

Umuvugizi wa deparotema ya reta y’Amerika, Heather Nauert yabwiye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri ko hari ibikwiye kubanza kwihwezwa mur’ico gisata ukundi gusha kandi ko atari ingingo igamije guhana uwo ariwe wese.

Amerika yari yategekanije gutanga imiliyoni 125 z’amadolari mu gisata UNRWA c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cagenewe gufasha impunzi z’Abanyepalestina, igiye kurungika imiliyoni 60 z’amadolari gusa kugira ico gisata nticugare, ayandi ibe irabangiriye.

Mu ndwi zibiri ziheze Trump yagize ati: "Duha Abanyepalestina ibihumbi amajana vy’amadolari buri mwaka ariko ntitwigera dushimirwa canke ngo twubahwe," "None Abanyepalestina badafise ubushake bwo kuja mu biganiro vy’amahoro, ni kuki twobandanya tubaha ayo mafaranga angana uko?"

Amerika iza ubwa mbere mu bihugu bishira amafaranga menshi mur’ico gisata UNRWA. Ikurikirwa n’Ubumwe bwa Bulaya, Ubudagi, Ubuswedi, Ubwongereza, Arabiya Sawudite, Ubuyapani, Ubusuwisi, Norvege hamwe n’Ubuholande.

Igisata UNRWA gitanga inyigisho hamwe no kuvura impunzi imiliyoni 5 z’Abanyepalestina mu ntara ya Cijordaniya, Gaza, Siriya, Libani na Yorodaniya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG