Uko wahagera

Bangladesh: Impunzi z'Abarohingya Zigiye Gutahukanwa


Impunzi za Rohingya zirindiriye ibifungurwa mw'ikampi y'impunzi Thankhali, iri mw'ikomine ya Ukhia, mu gihugu ca Bangladeshi kw'itariki 12, umwaka w' 2018.

Abategetsi b’igihugu ca Myanmar na Bangladesh baheraheje amasezerano yo gutahukana Abarohingya b’Abayisilamu bahunze Myanmar kubera ubunyamaswa bw’igisirikare co mur’ico gihugu.

Abategetsi ba Bangladesh basohoye itangazo kur'uy musi ku wa kabiri rivuga ko igikorwa c’ugutahukana Abarohingya kizotangura mu ndwi iza. Ico gikorwa gitegekanywa guherehezwa mu kiringo c’imyaka ibiri iri imbere.

Amasezerano hagati ya Myanmar na Bangladesh asaba Bangladesh gushiraho amakambi atanu y’agateganyo mu ntara ya Rakhine mu gihugu ca Myanmar.

Abarohignya bagera ku bihumbi 650 bahungiye muri Bangladesh kuva mu kwezi kw’umunani mu mwaka uheze w’i 2017.

N’igihe abasirikare ba Myanmar bahiga ikivunga abo Barohignya mu mihana yabo mu ntara ya Rakhine, inyuma y’ibitero vyakozwe n’abarwanyi babo ku biro vy’igipolisi muri Myanmar. Abo kandi barimwe ubwenegihugu n’ubundi burenganzira muri Myanmar.

Myanmar ibona aba Rohingya ko ari abimukira bava muri Bangladesh, naho benshi muri bo bamaze igihe kirekire cane baba muri Myanmar.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG