Uko wahagera

Abiyahuzi Bishe Abashika 31 i Baghdad


Abiyahuzi babiri baturikije bombe zibiri ku murwa mukuru wa Iraki kur’uyu wa mbere, zihitana abashika 31 abandi batari bake barakomereka.

Ivyo bitero vyabereye i Tayran Square mu masanganzira hagati muri Baghdad mu masaha y’uruja n’uruza rwinshi rw’abantu.

Abantu 90 bakomeretse, batatu muri bo bararemvye cane, nkuko bishikirizwa na Dr. Saif a-Bader, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Iraki.

Nta n’umwe ariyitirira ico gitero, ariko ibitero bihitiye vyakozwe n’umuhari wa reta ya kiyisilamu.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG