Uko wahagera

Amata y'Abana ya Lactalis Ntazagurishwa mu Bihugu 83


Aya ni amwe mu mata akorwa n'ishirahamwe Lactalis
Aya ni amwe mu mata akorwa n'ishirahamwe Lactalis

Amakarato agera kuri miliyoni 12 y’amata y’abana akorerwa mu Bufaransa asabwa guhagarikwa kugurishwa mu bihugu 83. Ayo mata akekwa kuba atameze neza kubera udukoko twoba twarayagiyemwo igihe yariko arahingurwa.

Ku musi w'Imana, umuyobozi w'ishirahamwe rikora amata “Lactalis” yaremeje ko ubwoko bumwe bw’amata yabo yasabwe guhagarikwa kugurishwa mu bihugu vya Buraya, muri Afurika, muri Amerika y’Epfo, no muri Aziya.

Ni inyuma y'aho mu kwezi guheze iryo shirahamwe ryasanze imwe mu mahinguriro yabo rifise amata arimwo udukoko bita Salmonella. Amerika, Ubwongereza na Australiya nta kibazo bafise kuko bataronse ayo mata.

Abayobozi b'ishirahamwe Lactalis bavuga ko bakeka ko utwo dukoko twatewe n’ibikorwa vyo gusubiramwo imwe mu nyubakwa yabo ihungurirwamwo amata yitwa Celia. Iyo nyubakwa iri mu gisagara ca Craon mu buraruko bushira uburengero bw’Ubufaransa.

Ikinyamakuru Le Journal co mu Bufaransa gitangaza ko inzoya zigera kuri 35 mu Bufaransa, zatowe ingwara yatewe n’utwo dukoko bita Salmonella.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG