Uko wahagera

ONU Irarajwe Ishinga n'Ibitero mu Banyagihugu muri Siriya


Umugabo yakomerekeye mu gitero c'indege, ari mu ntara zizumbiswemwo n'abarwanya ubutegeatsi mu gisagara ca Arbin, kiri mu micungararo y'umurwa mukuru Damas

Umuyobozi mukuru w’ ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe agateka ka muntu kw’isi Zeid Ra-ad Al Hussein aranegura iyongerekana ry’ubwicanyi buriko bukorerwa I Ghoula mu buseruko bwa Siriya.

Ubwo bwicanyi bumaze guhitana ubuzima bw'abasivile batari bake, abandi bakahakomerekera.

Ibiro vya ONU bimenyesha kw' abasivile 85 bagizwe ahanini n’abakenyezi n’abana bamaze kwicwa. Abantu bashika 183 bamaze gukomerekera mu kigwati ca Ghouta kiri ku murwa mukuru Damas.

Ibitero bishasha bikomeye biheruka, vyakozwe mu kiringo c’imisi cumi guhera itariki 31 z’ukwa cumi na kabiri umwaka urangiye.

Ibiro vya ONU bitunga agatoki iyongerekana ry’ibitero mu kirere no kubitero vyo kubutaka bikorwa na reta ya Siriya n’abayishigikiye.

Mur' ico kiringo c’imisi cumi, ONU ivuga kw' imigwi y’abarrwanya ubutegetsii bari muri Ghouta nabo bateye amabombe mu bigwati vy’igisagara ku murwa mukuru Damas.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG