Uko wahagera

USA: Abakenguzamateka Bariyamiriza Uruhara rw’Uburusiya


USA-TRUMP/RUSSIA
USA-TRUMP/RUSSIA

Uburusiya bwiyamirije raporo y’inama nkenguzamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Iyo raporo yagiriza abategetsi b’Uburusiya ko bivanze mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka uheze muri Amerika, mu ntumbero y’ukugeramira demokrasi.

Abategetsi b’Uburusiya bavuga kw’iyo raporo itagira ishingiro kandi kw’igeramira imigenderanire hagati y’Uburusiya na Amerika.

Abademokrate bo mu nama nkenguzamateka, ejo ku musi wa gatatu, baragabishije kw’ibikorwa vy’Uburusiya vy’ukugeramira demokrasi muri Amerika biterekeye gusa amatora muri Amerika. Baragirije Prezida Donald Trump ko yananiwe guhangana n’ibibazo Uburusiya buteye Amerika.

Abakenguzamateka b’aba demokrate bagiriza Uburusiya bwageramiye demokrasi mu Amerika no mu mahanga. Barasavye ko hafatwa imigambi yo guhangana n’ibibazo Uburusiya buteye. Bavuga kw’ivyo bitegerezwa gutangurira ku buyobozi bwa Prezida Trump.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, uno musi ku wa kane, umuvugizi wa prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov yiyamirije ivyagirizo vy’uko Uburusiya bwivanze mu matora muri Amerika, akaba bavuga ko batangazwa n’ukuntu ivyo vyagirizo bikibandanya gushikirizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG