Uko wahagera

USA: Abanyapolitiki Ntibavuga Rumwe ku Bimukira


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, arabonana uno musi ku wa kabiri n’abashingamateka n’abakenguzamateka bakomakomeye.

Baza kuganira ku migambi yerekeye abimukira. Yamara ntibisa nuko hari kinini kiza kuva mur’iyo biganiro bigenewe gukingira abantu bakiri bato ibihumbi amajana n’amajana abavyeyi babo binjiye ku butaka bwa Amerika mu buryo butarekuriwe n’amategeko kugira ntibirukanwe mu gihugu.

Ibiganiro vyerekeye abimukira mu biro kwa perezida bibaye mu gihugu Trump n’abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka bafise agushika kw’italiki 19 z’ukwezi kwa mbere kugira babe bashitse ku masezerano ku mafranga Reta izokoresha gushika mu mpera z’ukwezi kw’icenda.

Perezida Trump yarahagaritse umugambi war’ushigikiwe n’uwahoze ari Perezida Barack Obama wakingira imikangara y’abimukira barenga ibihumbi amajana atandatu na mirongo icenda kugira ntibirukanwe mu gihugu. Perezida Trump yahaye abagize inama nshingamateka n’inama nkenguzamateka gushika kw’italiki zitanu z’ukwezi kwa gatatu kugira babe bihweje ico kibazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG