Uko wahagera

Umwiyahuzi Yishe 6 muri Pakistani


Umwiyahuzi yari afise bombe yishe abantu 6, akomeretsa abandi barenga 25 mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu ca Pakistani.

Ico gitero cabaye kur'uyu wa kabiri, cahiga imodoka y’igipolisi yari mu gice gicungerewe cane ca Quetta, umurwa mukuru w’intara igeramiwe n’uruhagarara n’ubwicanyi ya Baluchistan.

Abaganga hamwe n’abakozi bajejwe gutabara batangaza ko benshi mu bapfuye n’abakomeretse ari abapolisi. Benshi mu bakomeretse bameze nabi cane.

Abatalibani barwanya Reta ya Pakistani, batangaje ko aribo bagize ico gitero ca bombe.

Ivya mbere vyatohojwe n’igipolisi vyerekana ko umwihevyi yagize ico gitero yari kw’ipikipiki. Ibisigarira vyiwe vyatowe ahabereye ico gitero.

Ico gitero cabaye amasaha makeyi inyuma yuko umushikiranganji mukuru w’intara ya Baluchistan atanze imihoho. Yatangaje kw’ata cizere agifitiye abagize inama nshingamateka y’iyo ntara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG