Umuyaga w’igihuhusi uvanze n’imvura wagaragaye mu gihugu ca Madagascar mu mpera z’indwi irangiye wishe abantu 29 ukomeretsa abandi batatu, abandi babiri gushik’ubu ntibaramenyekana irengero. Ayo makuru yatangajwe n’abategetsi b’ico gihugu kur’uyu wa mbere.
Uwo muyaga witiriwe Ava waciye mur’iryo zinga ku misi ya gatanu n’uwa gatandatu, wabangamiye cane igice c’ubuseruko bw'igihugu.
Ikigo c’igihugu kijejwe gukinga ibiza kivuga ko abantu barenga ibihumbi 13 bataye ingo zabo, abanyeshure barenga ibihumbi 16 barahagaritse ivyigwa gushika ku musi wa kane kubw’imyuzure hamwe no gutinya ko ubutaka bubasenyukirako.
Mu kwezi kwa gatatu 2017, igihuhusi nk’ico citiriwe Enawo naco cahitanye abashika 78, gisambura ibice 30 kw’ijana vy’indimo z'igiterwa Vanilla.
Facebook Forum