Uko wahagera

Mohamed Salah ni Umukinyi wa Mbere muri Afrika wa 2017


Umukinyi w'umupira w'amaguru Mohamed Salah ukomoka mu gihugu ca Misiri
Umukinyi w'umupira w'amaguru Mohamed Salah ukomoka mu gihugu ca Misiri

Mohamed Salah, umukinyi w’umupira w’amaguru aturuka mu gihugu ca Misiri, yatsindiye agashimwe k’umukinyi akomeye cane ku mugabane wa Afrika w’umwaka w’i 2017.

Salah, akina mu murwi Liverpool wo m'Ubwongereza, amaze kwinjiza ibitsindo cumi n’indwi gushika ubu mur’uwo murwi. Yaronse 97.65 kw’ijana vy’amajwi y’abatoye. Mur’iki gihe Salah afise imyaka 25 yafashije kandi igihugu ciwe ca Misiri gutsindira kuja mu gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru co mu mwaka uza m'Uburusiya.

Salah yarangije imbere ya mugenzi we bakinana mu murwi Liverpool, Sadio Mane, ava mu gihugu ca Senegal, na Pierre-Emerick Obamenyang aturuka muri Gabon. Akina mur’iki gihe mu murwi Borussia Dortmund mu gihugu c’Ubudagi.

Ibirori vy’ugutanga agashimwe k’umukinyi yabaye uwa mbere mu karere ka Afrika mu mwaka w’i 2017 vyabereye ku murwa mukuru wa Ghana, Accra.

Mohamed Salah, yatsindiye ako gashimwe, yatangaje ko kugatsinda ari inzozi yagiye mu ngiro. Ako gashimwe yagatuye abana bose bo muri Afrika n’igihugu ciwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG