Uko wahagera

Amerika Yemeye Gushigikira Abiyamiriza Ubutegetsi bwa Irani


Abigaragamya muri Irani
Abigaragamya muri Irani

Reta zunze ubumwe z’Amerika yemeye ko igiye gufata mu mugongo abagira imyiyerekano muri Irani, yiyamirije kandi ingendo y’abategetsi b'ico gihugu yo guhohotera abigaragamvya, aho 21 bamaze kwicwa abandi barenga 1000 barahagarikwa.

Umutegetsi mu biro kwa perezida kur’uyu wa kane yavuze ko Amerika iriko irihweza kandi ko yofatira ibindi bihano kur’abo bahohoteye abari mu myiyerekano yatanguye mu ndwi iheze mur’ico gihugu.

Kur’uyu wa kane kandi Amerika yafatiye ibihano amashirahamwe atanu yo muri Irani yagize uruhara muri porogaramu yo gukora ibirwanisho vya misile.

Nayo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Nikki Haley yasavye ko kur’uyu wa gatanu inama ijejwe umutekano yokorana ku biriko bibera muri Irani.

Ariko Uburusiya hamwe n’ibindi bihugu biri mur'iyo nama ntibishigikiye iyo nama mu kuvuga ko ibibazo vy’abagira imyiyerekano muri Irani vyega ico gihugu ubwaco, atari ikibazo kibangamiye amahoro n’umutekano mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG